Amagara meza ku muntu muri rusangi ahera kubugwaneza bw’imbere mu mutima no mu mutwe. Igice c’ubuzima bw’umuntu kijanye n’amagara yo mu mutwe kirakunda kwirengagizwa kugeza aho umuntu atanguye kumera nabi ntabe agishobora gukora canke kwiyumvira uko yahora. Kenshi rero dukunda kwibuka kuyora twasheshe. Muruku kwezi kwahariwe amagara yo mu mutwe, tuganire ukuntu twoyabungabunga tukayitaho uko bikwiye.